Skip to product information
1 of 1

ZTF Books Online

Niwuzure Mpwemu Yera

Niwuzure Mpwemu Yera

Regular price $0.99 USD
Regular price Sale price $0.99 USD
Sale Sold out
Shipping calculated at checkout.
Quantity

Igikenewe gusumba ibindi iyi saha, n’uko umuntu wese yakijijwe ikiyaga c’umuriro biciye mu maraso yasheshwe n’Umwami Yesu ku musaraba, yuzura Mpwemu Yera. Ubugombe bushitse bw’Umwami n’uko uwizera wese yuzura Mpwemu Yera kandi akuzura ubushobozi. Bibiliya ivuga iti:
“N’uko ntimube ibipfu, ariko mutahure ivy’Umwami wacu agomba ivyo ari vyo. Kandi ntimukaborerwe vino, irimw’ubuhumbu; ariko mwuzure Mpwemu” (Abanyefeso 5;17-18).
Umwami ashaka kwuzuza abana biwe Mpwemu Yera n’Ubushobozi Bwiwe. Arindiranye igishika kubikora. Naho yipfuza cane kubikora, ashobora kwuzuza abagaragara bonyene. Abuzuye icaha, kameremere, urukundo rw’isi canke urukundo rw’ibintu biri mw’isi, ntibashobora kwuzura Mpwemu Yera, kuko bamaze kuba buzuye ikintu kibi canke ibintu bibi.
Raba aha hepfo uburyo indwi umutima ushobora kumera . Uruhande rusize irangi rushushanije ibintu bitegerezwa kurandurwa mu mutima imbere y’uko Umwami ashobora kwuzuza umutima. Abantu bamwe bafise mu mutima wabo ibintu vyinshi bibabuza kwuzura Mpwemu Yera, abandi nabo bafise bike. Ariko, Umwami ntashobora kwuzuza umutima Mpwemu Yera mu buryo bw’umusesekara, kiretse mu gihe ikintu cose cuzuye umutima camaze gukurwaho.

View full details